Presentation is loading. Please wait.

Presentation is loading. Please wait.

Amategeko amwe y’ ikori y’uburimyi n’ubgorozi muri Amerika no muri Arizona Vyanditswe na David L. Forsyth, J.D., LL.M. Ishuri ry’ Uburimyi ya Universite.

Similar presentations


Presentation on theme: "Amategeko amwe y’ ikori y’uburimyi n’ubgorozi muri Amerika no muri Arizona Vyanditswe na David L. Forsyth, J.D., LL.M. Ishuri ry’ Uburimyi ya Universite."— Presentation transcript:

1 Amategeko amwe y’ ikori y’uburimyi n’ubgorozi muri Amerika no muri Arizona Vyanditswe na David L. Forsyth, J.D., LL.M. Ishuri ry’ Uburimyi ya Universite ya Arizona, Ishuli ry’ubuhanga bga Akazi k’uburimyi Vyandikiwe IRC FARM ni programe ifasha impunzi mu gutangura ubuhinzi n’ubgorozi

2 Amategeko yo muri Amerika urufatiro Amategeko yo muri Amerika ni menshi cane kandi ategekwa na Reta y’uburyo bginshi nk’ibi: Reta Nkuru n’amashami yaryo (federari) Reta rya Arizona n’amashami Reta ritoyi y’intara n’ibisagara hamwe n’amashami.

3 Amategeko yo muri Amerika Amategeko ategetswe na Reta Nkuru (federari) atwara mu gihugu cose ca Amerika (United States) Dufite icama kimwe kinini gitegeka citwa Kongresi (Congress) ariko igira amashami irenga 1,000. Ayo mashami yose arema amategeko. Dufise amategeko MENSHI.

4 Amategeko yo muri Amerika. Benigihugu hamwe n’abaturage bo muri Arizona batwarwa n’amategeko ya Reta Nkuru (federari) – ariko reta ya Arizona nayo igira amategeko atwara abaturage bo muri Arizona gusa. Arizona ifise icama (Legislature) kirema ayo mategeko, kandi ifise amashami 125 arema ayandi mategeko mato-mato bikwiye kwubahwa.

5 Amategeko yo muri Amerika. Dufise kandi intara n’ibisagara, navyo birema amategeko. Intara ya Maricopa County irema amategeko menshi ivyerekeye ubuzima bg’ indya n’ukuntu umuntu afata indya. –Igisagara ca Phoenix kirema amategeko atwara ahantu ho kugurisha, n’uruhusha rwo kugurisha, n’ikori ukwiye gutanga ugurishije ibintu mu gisagara. Ibindi bisagara bigira ayandi mategeko yavyo.

6 Amategeko ya Reta Nkuru (Federari) y’uburimyi n’ubgorozi.

7 Amategko ya Amerika y’ uburimyi Amategeko yo muri Amerika atwara uburimyi ni make. ◊Nturime urumogi. ◊Wirinde cyane imiti ya chimi, ifumbiri, peteroli, amavuta y’imodoka, n’iyindi ishobora kwanduza ubutaka ikanduza n’abantu canke ibikoko. ◊Ntugashire amavuta y’imodoka canke iyindi miti ya chimi mu mazi canke mu miheha atwara amazi y’imvura canke mu miheha atwara amazi y’imisarani.

8 Amategeko ya Amerika y’uburimyi ◊Witonde mu gihe co kurima. Ntukagire umukungugu mwinshi. ◊Asangwa uri kwuragira amatungo nk’inka mu hantu hatoyi, wirinde neza utegure neza amase. Ukwiye kwiga ingine wagira n’amase n’amaganga yayo. Asangwa ufise ifarasi nkeya gusa mu kibanza kinini, nta ngorane. Reta nkuru (federari), ni yo itegeka aho mategeko yose, kandi igatangisha amahera menshi ku bantu bayarenga.

9 Amategeko ya Arizona y’ Uburimyi

10 Amategeko ya Arizona y’Uburimyi n’ubgorozi Arizona hamwe n’ishami ryayo y’Uburimyi ni bo barema amategeko menshi y’uburimyi. Hariho amategeko menshi cane ategeka ivyo dukwiye gukora hamwe ibibujijwe. Mu gihe ugomba gutangiza ikintu gishasha canke kugurisha ikintu gishasha, ukwiye gusaba ishami ry’ Uburimyi bga Arizona ngo bagufashe.

11 Amategeko ya Arizona arinda ibibanza, kandi arinda abantu n’amatungo ngo ntibanduza abandi canke ntibanduzwa n’abandi.. Ni ngombga ko umurimyi wese amenye ayo mategeko kandi ni ngombga ko ayakurikire. Kwiga ayo mategeko yose ikwiriye igihe kirekire, ni co gituma, ukwiye gusaba abahanga bagufashe bakwigishe ayo mategeko. Bazokuraba neza mu gihe ufise ikibazo. Ntibazokuraba neza umaze gukora nabi kuko utabajije ukarenga amategeko.

12 Amategeko ya Arizona y’Uburimyi ategeka Ntukazane canke gukuza imbuto mbi yonona. Gukoresha ifumbiri witonze. Gukoresha neza imiti yo kwica udusimba. Kwandika neza izina y’ivyimburwa vyawe. Uburyo bgiza bgo kuragira inka ngo zizane amata. Uburyo bgo kugurisha amagi. uburyo bgo kurima no kuragira Uburyo bgo gutunga no kugurisha amatungo nka: (inkoko, impene, inka, ifarashi, n’ibindi); Kumenya igihe co gupima inyama, n’uburyo bgo kugurisha inyama. Uburyo bgo kurisha amatungo azogurishwa nk’inyama.

13 Amategeko ya Arizona adutegeka kandi Uburyo bgo gucunga ubuzima bg ‘abadukorera kugira ngo ntibakomereke ahacu uburumyi canke ku matungo. Amahera angahe dukwiye guhemba abadukorera. Uburyo bgo guhemba abakozi tubitse ikori ryabo kandi iryo kori kuyirungika kuri reta ya Arizona na reta Nkuru (federari). abakozi dukwiye gukoresha. Asuransi dukwiye guhembera abakozi bacu. Kwandikisha abakozi bacu mu gitabo. Ni bandi dushobora gukoresha mu kazi. Abahanga b’amahera hamwe n’abavoka ni bo bazobafasha muri ayo mategeko yose.

14 Ikori ya Reta Nkuru (federal)

15 Ikori ya Reta Nkuru ya (Federal) Dutanga ikori kuri reta yacu mu buryo bginshi. –Ikori ya reta nkuru (Federal) –Ikori ya reta ya Arizona –Ikori y’ikiguzi tuguze ibiryo canke peteroli canke imuduga. –Ikori y’ ibibanza n’ibikoresho vy’akazi.

16 Ikori ya Reta Nkuru (Federari) Ubga mbere ikintu gikuru ni gutanga ikori y’abakozi bawe igihe cose. Hanyuma dukwiye kwandika ikaratasi y’ikori y’umushahara (income tax) ya Reta Nkuru na Reta ya Arizona imyaka yose. Hakurikira ikori y’ ibintu dutunze.

17 Ikori ya Reta Nkuru Kubika amahera y’umukozi wawe. Umuhanga w’amahera na benki yawe bakwiye kugufasha asanga ukoresha abakozi mu kazi kawe. Ukoze ikosa wahomba vyinshi.

18 Ikori ya Reta Nkuru Ikori y’umushahara cawe –Itegeko y’ikori y’umushahara ivuga yuko dukwiye guhemba ikori kwa buri dolari duhabga buri mwaka. Dukwiye kwandika neza amahera yose duhembga mu mwaka wose. Dukwiye kwandika amahera y’umushahara wacu w’akazi. Dukwiye kwandika amahera tubona ku bintu tugurisha, nk’ivyimburwa canke imuduga, canke inzu. Amahera tubona ayariyo yose atubereye nk’umushahara.

19 Ikori ya Reta Nkuru –Buri mwaka turandika amahera yacu ku karatasi canke amakaratsi menshi, tukayarungika kuri “Internal Revenue Service” akaba ariyo cama giharura amahera y’abantu bose mur’ iki gihugu. –HANYUMA, itegeko ridukundira gukura kur’ico gitigiri ibintu bimwe twahomvye canke twahemvye abandi. (exemption) Ku mushahara wacu dukuraho igitigiri ca buri muntu ukuze citwa ikizemshoni “exemption” Muri uyu mwaka turimo dufite ikizemshoni ya dolari $8,950 ku muntu ukuze. Umushahara urenze ico gitigiri ni co gihembgaho ikori ya reta nkuru (federal) canke ya Arizona. Nukuvuga yuko abarongoranye (umugabo n’umugore wiwe) bashobora kufata umushahara wa $17,900 ari nta kori batanga.

20 (too much for last slide) Abarongoranye, umugabo n’umugore wiwe hamwe, bashobora guhembga $17,900 ntibatange ikori.

21 Ikori ya Reta Nkuru (federal taxes) Dufise:Amahera y’ umushahara - ico dukuramo kitwa ikizemshoni (exemptions) KANDI: Igitigiri c’umushahara wacu dukuramo igitigiri c’abandi badutegemeye mu muryango. (dependents) Abadutegemeye nibo mu rugo rwacu nk’abana canke abavyeyi bashaje batabasha gukora. Umuntu wese adutegemeye dukuraho amahera y’ikori igitigiri ca $3,500 (kugeza igitigiri kirenga $120,000).

22 Federal Taxes KANDI: Ku gitigiri c’ umushahara dukuraho amahera twatanze kuri aba: -Abaganga n’amavuriro (bimwe ntibiharurwa) -Dukuraho n’amahera duhemba y’inyungu y’inzu n’ibindi vyinshi.

23 Ikori ya Reta Nkuru (federal taxes) Ibi nivyo dukura ku gitigiri c’umushahara usanzwe. –Inusu y’ikori y’abantu bikorera mu giti cabo. –Asuransi y’ubuzima y’abantu bikorera. –Izindi programi y’abikorera zitwa SEP, SIMPLE, n’bindi. –Igihombo kubera gukoresha amahera wabitse.(withdrawal of savings) –Igihembo c’ umugore yahukanye (Alimony) –Gukura amahera y’ingurano y’umwigisha.(student loan) –Amahera y’ishuli –Amahera y’umwalimu –Inyungu yemeye. –Amahera amwe yatanzwe guhemba ibintu vy’abandi. –Amahera washize mu bubiko kucunga ubuzima bgawe. Ibikurikira bishobora gukurwa mu gitigiri c’amahera y’ uburimyi bgawe: –Ibikoresho –Amakori n’ icete co gutanga uruhusha –Urugendo, ivyo kurya, ivyo kwinezeza. –Amahera y’imuduga n’ikamyo –Ingendo –Igihembo c’abagufasha mu kazi –Guhomba –Ivyo kurya no kwinezeza –Ivyandiswe kugice ca 179 ivyerekeya gukura –Imfashanyo y’abakozi –Umuriro n’amazi. –Asuransi ayandi atariyo y’ Ubuzima bgawe. –Igihembo c’abakozi bawe. –Inyungu ivuye mu mahera w’ingurane y’akazi –Ayandi mahera watanze –Ayo wahemvye umuhanga wa avoka. –Amahera ya ofisi yawe.

24 Ikori ya Reta Nkuru (federal) Amategeko ategeka yuko dukwiye kwandika igitigiri c’ ivyo tubona vyose kandi yuko dufise ikaratasi y’ivyo twatanze. Reta ni babona ko tubuze ikaratasi zikwiye, bazoduza igitigiri c’amahera y’ikori.

25 Ikori ya Reta Nkuru (Federal taxes) Gusubiramo: Umushahara wawe wose: -Ivyo twemewe gukuramo (ikizemushoni) -Abantu batwegamije (abana n’abavyeyi) -Igarama y’ibintu duhemba kubwacu -Igarama y’ibintu duhemba ku kazi yacu = Igitigiri c’amahera yawe uzotangisha ikori. Umushara ucibga ikori.. Kubona igitigiri c’ ikori, ugwize kwa 15% canke 20% niba usanzwe ufata munsi ya $70,000. Niba ufata nka $40,000 kandi ufise umugore, uyu mwaka watanga ikori $5,201 kuri reta nkuru.

26 Ikori ya Arizona Ikori ya Arizona ihembga ku munsi umwe n’ikori ya Reta nkuru. Uwo munsi n’itariki ya 15 yo mu kwezi kwa kane. Ikori ya Arizona itangura ku gitigiri c’ umushahara ucibga ikori ya Reta Nkuru, hanyuma bakwemeza gukuramo ibice.

27 Ikori ya Arizona. Icyo gitigiri c’umushahara ucibga ikori uzokuramo ibice vyawe n’umugore wawe, hamwe ibice vy’abana n’abavyeyi mubana. Hariho amategeko menshi ategeka ibice ukuramo. Hanyuma agahugu ca Arizona basubizamwo ibice bimwe vya Reta nkuru, igakuramo ibindi bice bitari kwa Reta nkuru.

28 Ikori ya Arizona. Ikori ya Arizona: Tanguza n’igitigiri y’umushahara ucibga ikori kwa Reta Nkuru Kuramo:- Amahera ya ikizemushoni - Abana n’abavyeyi mubana + Kugerakaho - Arizona Ibikurwaho = Arizona Income

29 Ikori ya Arizona. Umushahara wa Arizona Ugwize uwo mushahara n’igitigiri kugira ngo umenye ikoro. Uyu mwaka igitigiri ni hagati ya 03% na 04% y’umushahara. Usanzwe ufata nka $40,000 ikori ryawe rya Arizona rizoba nka $1,344.

30 IMPANURO Ntukemere abakubgira ngo ntuhembe ikori kuko ikori ntabgo ari ngombga. Abadakwiye guhemba ikori n’abantu babona umushahara mutoyi kandi amahera utanga ku kazi ikaba nyinshi. Amahera utanga kubgawe nta harurwa.

31 IGIHANURO Icama ca Reta Nkuru itegeka ikori (Internal Revenue) hamwe n’icama ca Arizona itegeka ikori bafise abahanga bagenewe kugufasha. Umuntu wese akwiye gufashwa kugira ngo yuzuze amategeko. Icama c’ Ikori izagufasha kwuzuza amategeko. Ariko ni ngombwa kubika amakaratasi yawe yose y’amahera! Abantu bacu bagenewe kumenya igitigiri c’ikori yawe ariko nta kindi bakora. Ntibazokwemera amahera yo kuruhande kugira ngo uhembe make.

32 IBIHANURO Abakozi b’ibiharuro, abafasha kwandika ikori, hamwe n’abavoka barafasha neza, kandi bakwiye kwitondo mu kazi bakore ivy’ ukuri. Kwandika ibinyoma ntibizashoboka, hariho imashini n’abantu bararaba amakaratasi yawe uzafatwa ukoze ibitari ivy’ ukuri. Habaye ikibazo, IRS ya Reta Nkuru na AzDOR ya Reta ya Arizona bafise umwidegemvyo yo kukubgira kuzana amakaratasi y’imyaka ine ishize. Ubike neza amakaratasi yawe.

33 IBIHANURO Ukwiye gusaba gufashwa n’abahanga gusa bagenewe akazi k’ikori buri mwaka. Inshuti zawe zigomba kugufasha, ariko mu gihe bakoze ikosa, ni wewe uzohemba iyo kosa. Umuntu yanditse ikinyoma ku karatazi ciwe, Reta ifise ubushobozi bgo kugufunga. Ntibagufunga ku mpamvu z’uko utashoboye guhemba ariko waba uvuze ukuri.

34 Turabashimye kuko mwemeye kwuzuza amakaratasi yose, kandi kuko muzasaba gufashwa kwandika, kandi kuko mwateze amatwi mukumva impanuro ndende twabahaye. Hari ufise ibibazo?


Download ppt "Amategeko amwe y’ ikori y’uburimyi n’ubgorozi muri Amerika no muri Arizona Vyanditswe na David L. Forsyth, J.D., LL.M. Ishuri ry’ Uburimyi ya Universite."

Similar presentations


Ads by Google